#256
Har’igikorwa c’imana
Umuco 1
Couplet 1
Har’igikorwa c’Imana, Ico gikorwa s’ikindi, N’Ijambo rihishuwe, Ryahawe abana b’Imana.
Refrain
Ni nde, ni nde yahishuriwe, Ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde, ni nde yemeye inkuru zacu, Ko tur’abanyamibabaro?
Couplet 2
Nah’iyi si yokwuzura, Amadayimoni isinzi, Aza mw’Ihanga ry’Imana, Ntiyoritsinda na gato, Kuko Yesu yanesheje.
Refrain
Ni nde, ni nde yahishuriwe, Ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde, ni nde yemeye inkuru zacu, Ko tur’abanyamibabaro?
Couplet 3
Yesu Kristo ku musaraba, Yarasemereye cane, Ati: “Vyose birarangiye”, Iyo ni yo ntsinzi dufise.
Refrain
Ni nde, ni nde yahishuriwe, Ukuboko kw’Uhoraho? Ni nde, ni nde yemeye inkuru zacu, Ko tur’abanyamibabaro?
Couplet 4
Twuzur’Ijambo ry’Imana, Dusengere muri Mpwemu, Turenge umubiri n’ubwenge, Turagw’ivyasezeranywe.