#213
Nshoboza Mwami Yesu
Umuco 1
Couplet 1
Nshoboza Mwami Yesu, Guhora nguhimbara, Mu kubaho kwanje kuko kuba mw’isi, Bifis’igihe gito, Ariko kuba mw’Ijuru... N’ivy’ibihe bidashira.
Refrain
Turiko dusozera intambwe ya nyuma, {Dushoboze kugira ngo, Tuzoshobore gushikira, Kuzoba hafi yawe Mwami.} x2
Couplet 2
Washoboje Daniyeli, Kugum’aguhimbara, Mu buzima bwiwe bwose mu rugendo, Yamye akwemangira, None nanje Mwami, Umfashe nguhimbare.
Refrain
Turiko dusozera intambwe ya nyuma, {Dushoboze kugira ngo, Tuzoshobore gushikira, Kuzoba hafi yawe Mwami.} x2
Couplet 3
Washoboje abana bawe, Bose kuguhimbara, None nanje Mwami mfasha mur’iyi si, Nshobore kuguhimbara, Kuko kubaho mw’isi, Ar’ivy’igihe gito.
Refrain
Turiko dusozera intambwe ya nyuma, {Dushoboze kugira ngo, Tuzoshobore gushikira, Kuzoba hafi yawe Mwami.} x2
Couplet 4
Fash’Ishengero ryawe, Rishobore kuguhimbara, Suka Mpwemu wawe mw’Ishengero ryawe, Ryuzur’Ubwiza bwawe, Kugir’Abana bawe, Bashobore kuguhimbara.
Refrain
Turiko dusozera intambwe ya nyuma, {Dushoboze kugira ngo, Tuzoshobore gushikira, Kuzoba hafi yawe Mwami.} x2