Indirimbo Zikundwa Open in the app

#211

Nzokwama ndirimbir’umwami

Umuco 1

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 1

Yankuye habi kwa Satani, Anzana mu ruhongore rwiwe, Angaburira Ijambo ryiwe, Ry’ubuzima rimurikira.

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 2

Ijambo ryiwe rifis’inkomezi, Rihindura umugarariji, Rikamugira umwana w’Imana, Akaririmba agakurikira Yesu.

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 3

Aranyagira mur’iryo Jambo, Arinyoboza anyengenga, Amurikira mur’uyu mwiza, Eka sinkijuragurika namba.

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 4

Ubu sintinya, eka singanya, Kuko ndi kumwe n’Umwami Yesu, Nzokwama mu ruhongore rw’intama, Nzokwama numvira uyo Mwungere.

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 5

None Mwungere ngushikaniye, Ubu buzima bwanje bwose, Ubuhinguremw’igikoresho, Gikora ivyiza biguhimbara.

Refrain

Nzokwama ndirimbir’ Umwami, Nzokwama nshimir’ Umwami, Nzokwama nshima, nshimir’ Umwami, {Haleluya, Haletuya!} x2

Couplet 6

Shimwa Mwami, Shimwa Mwami, Eka n’Ushimwe, Shimwa Mwami, Himbazwa Mwami, Himbazwa Yesu, Eka Himbazwa, Haleluya!