Indirimbo Zikundwa Open in the app

#208

We hanga ry’imana nzima

Umuco 1

Couplet 1

We hanga ry’Imana Nzima, Imana yawe irakomeye, Yagukuye muri Egiputa, Mu buja bw’umwe Farao.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, Ku buntu wagiriwe, Abana bawe baririmbe, Bati: “Uhorah’ashimwe!”, {Shimwa Mwami, shimwa, shimwa, shimwa! Ku vyiza wakoze, shimwa, shimwa! Mw’Ishengero ryawe, shimwa, shimwa!} x2

Couplet 2

We Hanga ry’Imana Nzima, Imana yawe n’Inyenkomezi, Yagutsindiy’ivyago vyinshi, N’abami b’inkomezi nyinshi.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, Ku buntu wagiriwe, Abana bawe baririmbe, Bati: “Uhorah’ashimwe!”, {Shimwa Mwami, shimwa, shimwa, shimwa! Ku vyiza wakoze, shimwa, shimwa! Mw’Ishengero ryawe, shimwa, shimwa!} x2

Couplet 3

Mvuge nte ga Mana yanje, N’ukuri ur’Umunyenkomezi, Ihanga ryawe rigushime, Ku buntu warigiriye.

Refrain

N’ishimwe rinini cane, Ku buntu wagiriwe, Abana bawe baririmbe, Bati: “Uhorah’ashimwe!”, {Shimwa Mwami, shimwa, shimwa, shimwa! Ku vyiza wakoze, shimwa, shimwa! Mw’Ishengero ryawe, shimwa, shimwa!} x2

Couplet 4

Mu Rugendo nzokwama Mwami, Ngushima nkuririmbira, Ku buntu bwawe wangiriye, Nkaba nd’umwe mw’Ihanga ryawe.