#201
Umusi wo kuza kw’umwami,
Umuco 1
Couplet 1
Umunsi wo kuza kw’Umwami uregereje cane rwose, Nanje nama niteguriye uwo Munsi, Ah’abapfiriye mu Mwami bazozuka; {Bene Data bose tuzobonana, Paulo na Daniyeli tuzobonana.} x2
Refrain
Nezerwa, himbarwa mutima wanje, Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’Ukuri, Kukw’abatasi bose, abagiyeyo bose, Ata n’umwe yagaye ico gihugu, N’igihugu gitemba amata n’ubuki, Inzara n’urupfu ntibiriyo, N’igihugu c’Abera b’Iyera, Nanje nziboner’Umwami imbona nkubone, Nzoririmb’urukundo rwiwe, Turi kumwe n’Abera bose, Turirimbe iyo mw’Ijuru, Duti: haleluya!
Couplet 2
N’umusi w’akanyamuneza kenshi, Kur’iryo koraniro rihambaye cane, Tuzoba turangije urugamba, ku bw’amaraso ya wa Mwagazi, {Nk’ukw’Ijambo ry’ubuhanuzi rivuga, Yukw’ico gihe tuzoba tunesheje.} x2
Refrain
Nezerwa, himbarwa mutima wanje, Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’Ukuri, Kukw’abatasi bose, abagiyeyo bose, Ata n’umwe yagaye ico gihugu, N’igihugu gitemba amata n’ubuki, Inzara n’urupfu ntibiriyo, N’igihugu c’Abera b’Iyera, Nanje nziboner’Umwami imbona nkubone, Nzoririmb’urukundo rwiwe, Turi kumwe n’Abera bose, Turirimbe iyo mw’Ijuru, Duti: haleluya!
Couplet 3
Indimi zose n’amoko yose bazoba, Bari mur’iryo koraniro, Abazoba biteguriye Ubukwe bwa, wa Mwagazi w’Intama, {Bazokwinjira mu mazimano, Yateguriwe Umugeni.} x2
Refrain
Nezerwa, himbarwa mutima wanje, Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’Ukuri, Kukw’abatasi bose, abagiyeyo bose, Ata n’umwe yagaye ico gihugu, N’igihugu gitemba amata n’ubuki, Inzara n’urupfu ntibiriyo, N’igihugu c’Abera b’Iyera, Nanje nziboner’Umwami imbona nkubone, Nzoririmb’urukundo rwiwe, Turi kumwe n’Abera bose, Turirimbe iyo mw’Ijuru, Duti: haleluya!
Couplet 4
Bene Data mwese mwitegurire, Kwinjira mur’ubwo Bukwe, Eh’igihe cabwo kiregereje, Umukwe agiye kuza, {Agakiza kacu karegereje, Tugiye kuva mur’iyi si.} x2