Indirimbo Zikundwa Open in the app

#187

Ibanga ry’umukwe n’umugeni

Umuco 1

Couplet 1

Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni, N’ibanga rikomeve cane, Ririmw’amasezerano menshi, Y’Umukwe n’Umugeni.

Refrain

N’ub’Umwami... afitaniye... Ibanga n’Ishengero ryiwe, N’ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 2

Yesu yakunze Umugeni, Ava mw’Ijuru aza mw’isi, Amugur’amaraso yiwe, N’ihanga rikomeye cane.

Refrain

N’ub’Umwami... afitaniye... Ibanga n’Ishengero ryiwe, N’ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 3

Umukw’amaze gukw’Umugeni, Agaragaj’urukundo rwiwe, Baca bahan’amasezerano, Y’Umukwe n’Umugeni.

Refrain

N’ub’Umwami... afitaniye... Ibanga n’Ishengero ryiwe, N’ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 4

Yesu amaze gukw’Umugeni, Yamusigiy’amasezerano, Yukw’azogaruka kumujana, Kandi ngo yirinde abansi.

Refrain

N’ub’Umwami... afitaniye... Ibanga n’Ishengero ryiwe, N’ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 5

E’ Mugeni niwitegure! Iryavuzwe riratashe, Ibimenyestso vyarashitse, Ehe Umukwe nguy’araje.