Indirimbo Zikundwa Open in the app

#180

Duga nawe mwene data

Umuco 1

Couplet 1

Duga nawe mwene Data, Usigaye ku musozi w’Abera Siyoni, Urabe kandi witegereze, {Ubone kandi utahure neza.} x2 - Ivyo wizeye ivy’ari vyo... - Umwami wawe uwari We... - Amasezerano ay’ari yo....

Refrain

Eh’Abera bashagaje, Ku musozi w’Abera Siyoni, Amaso yabo ntagoheka, Amatwi yabo yama yiteze kwumva, Ijwi ry’inzamba y’iherezo, Ryerekana ko vyose bishize, Umusi w’agakiza kacu, Tuzoba turangij’intambara, {Nguy’uraje, nguy’uraje, nguy’uraje, haleluya!} x2

Couplet 2

Duga nawe mwene Data, Usigaye ku musozi w’Abera Siyoni, Inzamba y’iherezo rya vyose itaravuga, {Kukw’izokwumv’abari ku musozi.} x2 - Ntuz’umaramarire hagati... - Ntuz’usange wambay’ubusa... - Iruka nyaruka we mwene Data.

Refrain

Eh’Abera bashagaje, Ku musozi w’Abera Siyoni, Amaso yabo ntagoheka, Amatwi yabo yama yiteze kwumva, Ijwi ry’inzamba y’iherezo, Ryerekana ko vyose bishize, Umusi w’agakiza kacu, Tuzoba turangij’intambara, {Nguy’uraje, nguy’uraje, nguy’uraje, haleluya!} x2

Couplet 3

Ibimenyetso vyose, Vyarashitse vyerekana ko inzamba y’iherezo, Igiye kuvuga y’iherezo rya vyose, {Abari hejuru ku musozi bazoyumva.} x2 - Abishushahya ntibazoyumva... - Ibinebwe ntibizoyumva... - Abank’ukuri ntibazoyumva....

Refrain

Eh’Abera bashagaje, Ku musozi w’Abera Siyoni, Amaso yabo ntagoheka, Amatwi yabo yama yiteze kwumva, Ijwi ry’inzamba y’iherezo, Ryerekana ko vyose bishize, Umusi w’agakiza kacu, Tuzoba turangij’intambara, {Nguy’uraje, nguy’uraje, nguy’uraje, haleluya!} x2

Couplet 4

Duga nawe mwene Data, Usigaye, ubuntu bw’Imana buri hejuru yawe, Ibuk’umuhamagaro wawe ncuti, {Usanga ko Imana igukunda.} x2 - Na niyo yagusezeraniye... - Yakujabukij’ikiyaga gitukura... - Yakuneshereje Intambara....