#178
Nzokwama nishimira
Umuco 1
Couplet 1
Nzokwama nishimira cane rwose, Kurongorwa na Mpwemu w’Imana, Nzokwama nishimira kugumbirana na We, {Nkagendera musi y’ubushobozi bwiwe.} x2
Refrain
Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.
Couplet 2
Nzishimira kuba muri W’iteka, Kuko kuba musi y’ubushobozi bwiwe, Vyic’ubushobozi bw’akameremere, {Nkinjira mu vy’Ubwami bw’Imana.} x2
Refrain
Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.
Couplet 3
Nzishimira guca bugufi rwose, Kugira ng’ubwo bushobozi bumbe hejuru, Kuko bunyinjiza mu gihugu c’ubwiza, {Nkinjira mu vy’Ubwami bw’Imana.} x2
Refrain
Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.
Couplet 4
Ubwo bushobozi n’umuriro waka, Na Mpwemu n’umuriro waka, Kuko aho yaritse ntihayoberana, {Yisangij’imvugo n’imigendere.} x2
Refrain
Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.
Couplet 5
Ku bw’uwo Mpwemu indirimbo ziraza, Ku bw’uwo Mpwemu ubutumwa buravugwa, Ku bw’uwo Mpwemu humvikan’indimi nsha, {Nico gituma nzishimira kubana na W’iteka.} x2