Indirimbo Zikundwa Open in the app

#161

Imana yaremye umuntu mwiza

Umuco 1

Couplet 1

Imana yaremye umuntu mwiza, Imurema mw’ishusho yayo, Irema isi n’ibiri kuri yo vyose, Ivyo yaremye vyari vyiza vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, Vyose vyumvir’Imana, Nta rupfu nta n’umunyano, Vyose vyari bitotahaye, Havugwa amahoro, har’Ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 2

Uhoraho amaze kurema vyose, Satani nawe agir’ishari, Agerageza guhenda Eva, Kugira ngo yonone vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, Vyose vyumvir’Imana, Nta rupfu nta n’umunyano, Vyose vyari bitotahaye, Havugwa amahoro, har’Ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 3

Inzoka imaze guhenda Eva, Havuka umwana yitwa Gahini, Hejuru yabo haza umuvumo, N’ivyo bibi tubona ubu vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, Vyose vyumvir’Imana, Nta rupfu nta n’umunyano, Vyose vyari bitotahaye, Havugwa amahoro, har’Ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 4

Uruvyaro rw’Imana n’urw’inzoka, Vyose vyarabaye uruvange, Ariko Imana irazi abayo bose, Kuko vyose vyari mu migabo yayo.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, Vyose vyumvir’Imana, Nta rupfu nta n’umunyano, Vyose vyari bitotahaye, Havugwa amahoro, har’Ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 5

Ibitariho vyose bizokurwaho, Abana b’inzoka bazokurwaho, Ivyononekaye bizohindurwa bisha, Kuko Imana ikunda ivyayo vyose.

Refrain

Vyose vyari bitunganye, Vyose vyumvir’Imana, Nta rupfu nta n’umunyano, Vyose vyari bitotahaye, Havugwa amahoro, har’Ubwiza bw’Uhoraho.

Couplet 6

Ivyiza vyose tuzobisubizwa, Ivyatakaye n’ivyononekaye, Edeni yacu tuzoyisubizwa, Natwe tuzosubira kw’itanguriro.