#151
Izamurwa ry’umugeni
Umuco 1
Couplet 1
Izamurwa ry’Umugeni riri hafi gushika, Ishengero ry’Umukiza riri hafi kuzamurwa, {Ivyerekana ko rigira rishike, N’ibimenyetso yavuze.} x2
Refrain
Ubushizi bw’isoni, Ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, N’ugukunda amahera, abirarira, Abibona, abatumvira abavyeyi, Abanegura ivy’Imana, Badakunda n’ababo, Barementanya batigarura, Bakunda ibibahimbara, {Bakabirutish’Imana.} x2
Couplet 2
Izamurwa ry’Umugeni riri hafi gushika, Ibimenyetso vyose vyihutira gushika, {Nivyo vyerekana yuko, Hakenewe ibindi bisha.} x2
Refrain
Ubushizi bw’isoni, Ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, N’ugukunda amahera, abirarira, Abibona, abatumvira abavyeyi, Abanegura ivy’Imana, Badakunda n’ababo, Barementanya batigarura, Bakunda ibibahimbara, {Bakabirutish’Imana.} x2
Couplet 3
Abantu ntibemera ukwigisha kuzima, Bipfuz’ibibanezereza bakabirutish’Imana, {Birundaniriza abigisha babo, Bahuje n’ukwipfuza kwabo.} x2
Refrain
Ubushizi bw’isoni, Ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, N’ugukunda amahera, abirarira, Abibona, abatumvira abavyeyi, Abanegura ivy’Imana, Badakunda n’ababo, Barementanya batigarura, Bakunda ibibahimbara, {Bakabirutish’Imana.} x2
Couplet 4
Abantu barahumanye s’abato s’abakuru, Vyose vyarahumanye, hakenewe ibindi bisha, {Ntiwigere naw’ufatanya nabo, Wirinde ububi bw’iki gihe.} x2
Refrain
Ubushizi bw’isoni, Ubusambanyi n’ubushakanyi, ukwikunda gusa, N’ugukunda amahera, abirarira, Abibona, abatumvira abavyeyi, Abanegura ivy’Imana, Badakunda n’ababo, Barementanya batigarura, Bakunda ibibahimbara, {Bakabirutish’Imana.} x2
Couplet 5
Wirinde impwemu mbi z’iki gihe c’i, Lawodikiya, Impwemu yo kwishushanya n’iyindi, y’ubugarariji, {N’iyindi n’iy’ivy’isi zose ziratumira, Wirinde ntizize ziguhitane.} x2