Indirimbo Zikundwa Open in the app

#133

Har’ikintu camye kiba

Umuco 1

Couplet 1

Har’ikintu camye kiba, Ku bana b’Imana ihihe vyose, Nico catumye bitwa abahizi, Ibigatanya bakabirya butsima, {N’ukwizer’isezerano, N’ukwizer’ivy’utabona, Bigaragaza umuhizi.} x2

Refrain

Ivyo bituma umuntu, Yihanganir’ibimugerageza, Ivyo bituma umuntu ashikir’, isezerano yasezeranijwe, {Akitwa umuhizi, akitw’uwanesheje, Akambikwa igitsibo... Akambikwa ubwiza.} x2

Couplet 2

Har’ikintu camye kiba, Ku bana b’Isumb’ibiriho vyose, N’ukudacobogora mu rugendo, N’ukudacobogora mu kwizera, {Bizer’ibitaboneka, Mu nzira zifunganye, No mu mwiza mwinshi cane.} x2

Refrain

Ivyo bituma umuntu, Yihanganir’ibimugerageza, Ivyo bituma umuntu ashikir’, isezerano yasezeranijwe, {Akitwa umuhizi, akitw’uwanesheje, Akambikwa igitsibo... Akambikwa ubwiza.} x2

Couplet 3

Har’ikintu camye kiba, Ku bana b’Abrahamu sogokuruza, N’ukwuzur’ukwizera kwa ba data, N’ukwuzur’ukwihangana kwa basokuruza, {Kwuzura urukundo, Kwuzura ukwizera, Kwuzura ivyizigiro.} x2

Refrain

Ivyo bituma umuntu, Yihanganir’ibimugerageza, Ivyo bituma umuntu ashikir’, isezerano yasezeranijwe, {Akitwa umuhizi, akitw’uwanesheje, Akambikwa igitsibo... Akambikwa ubwiza.} x2

Couplet 4

Har’ikintu gitegerezwa, Kuba ku bana b’amasezerano, N’ukwuzur’ukwizera kwa ba data, N’ukwuzur’ukwihangana kwa basokuruza, {Kwuzura urukundo, Kwuzura ukwizera, Kwuzura ivyizigiro.} x2