Indirimbo Zikundwa Open in the app

#101

Eh’imisi iraje ncuti

Umuco 1

Couplet 1

Eh’iminsi iraje ncuti, Y’imibabaro ku banyakibi, Nta buntu buzoba bukivugwa, Bazobur’iyo bahungira, N’urupfu ruzobahunga.

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.

Couplet 2

Imbere yuko ivyo biba, Yesu azoza gusahur’abiwe, Ngo ntibabone namba na kimwe, Muri ivyo vyose bizoba Imbabazi zice zikurwaho

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.

Couplet 3

Mbega ncuti uhagaze he? Nta kwiregura kuzobaho, Ntiwiyambike agashambara, Ngo nd’uw’idini kanaka, Kukw’ ivyo bitazumvirwa.

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.

Couplet 4

Ntugerageze kwikingira, Ngo wakiriy’ Umuco, Uzowugaragaz’ico gihe, Ikimenyetso gusa nico kizwi, Arico Mpwemu Yera w’Imana.

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.

Couplet 5

Ntituzoshobora kwiregura, Ngo wavuze mu ndimi kenshi, Canke ngo warahanuye kenshi, Ntusumvya Balamu, Na Yuda yasenz’ amadayimoni.

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.

Couplet 6

Twebw’abari muri We mbere, Nta na kimwe twinona, Kuko har’amaraso ku rugi, Ubuntu bwatanzwe rimwe risa, Ku musaraba i Gologota.

Refrain

Hunga, hungira ningoga, Muri Yesu Kristo, Kuko ari (ho) honyene, Har’Ubuhungiro.