Indirimbo Zikundwa Open in the app

#69

Imana yarangiriye ubuntu

Umuco 1

Couplet 1

Imana yarangiriye ubuntu, Impumur’aya maso yanje mbona kubona, Imbwir’iti ngo “ndakwereke ivy’ab’isi, {Batigeze kumenya”.} x2

Couplet 2

Ngize ntya mbona ca kizira c’ubuyobe, Cavuzwe na Paulo kir’Ahera, Mbon’isinzi ry’abantu benshi bo kw’isi, {Baza kucunamira.} x2

Couplet 3

Ubwa mbere ico kizira cakoze, Mu mpwemu ya Antikristo ata nkomezi, Kukw’intambwe yo mu muryango wa Yuda, {Yar’ifis’inkomezi.

Couplet 4

Ubwa kabir’ico kizira cakoze, Mu buryo bw’umuvugishwa w’ibinyoma, Impwemu ya Antikristo itangura, {Guhinyura Kristo.} x2

Couplet 5

Ubwa gatatu ico kizira cakoze, Mu buryo bw’umwijima mwinshi n’ubutunzi, Ah’ubuvugishwa bw’ivyo bwajimije, {Abantu benshi cane.} x2

Couplet 6

Mur’ivyo bihe vyose bibi vyabayeho, Imana yararungika Npwemu wayo, Guhishurir’abana bayo umuco, {Wo kubamurikira.} x2

Couplet 7

Mur’iki gihe cacu kibi, impwemu, Ikora mur’iki gihe yitwa “Rupfu”, Yish’abato n’abahambaye, ivuga, {Iti: “twese tur’abera”.} x2

Couplet 8

Mur’iki gihe c’iherezo Imana, Yararungits’ubushobozi bw’inkukuma, Ituzamur’iyo hejuru y’ivy’iyi si, {Ngo tubone vyose.} x2