#43
Ibimenyetso vyo kugaruka
Umuco 1
Couplet 1
Ibimenyetso vyo kugaruka, Kwa Yesu Umwami biraboneka, Ivyo yavuze vyarashitse, {None rero bagenzi twitegure.} x2
Couplet 2
Satani akora mu buryo bwinshi, Yama arondera abana b’Imana, Asigaranye akanya gato, {None rero bagenzi twitegure.} x2
Couplet 3
Yesu yavuze ivy’iki gihe, Abantu benshi urukundo rwabo, Ruzotimba, benshi cane, {None nero bagenzi twitegure.} x2
Couplet 4
Mu ngeso zacu no mu bwenge bwacu, Niho tugwanira n’umwansi Satani, Muze twyegereze Imana Nzima, {None rero bagenzi twitegure.} x2
Couplet 5
Yesu ari hafi kugaruka, Kuduh’impera y’ivyo twakoze, Yamana natwe iteka ryose, {None réro bagenzi twitegure.} x2