#35
Bene data nitwumvire
Umuco 1
Couplet 1
Bene Data nitwumvire, Impanuro Imana iduha, Tugir’ukwizera mu mitima yacu, Nk’ukw’abana b’Imana bambere.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara, kw’isi bizer’Imana, Iyi si ntiyar’ibabereye, Abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 2
Bose bapfuye bacizey’Imana, Batarabon’ivyasezeranywe, Ariko barabibona bari, Kure bakabisasirira.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara, kw’isi bizer’Imana, Iyi si ntiyar’ibabereye, Abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 3
Bifuz’igihugu kirushirije, Iyi si kuba iciza, Nico gituma batamaramazwa, No gushingir’Imana intahe.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara, kw’isi bizer’Imana, Iyi si ntiyar’ibabereye, Abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 4
Bose bamerewe nab’aha kw’isi, Kuko iyi si atari iy’iwabo, Bashirwa mu ngoyi no mu mabohero, Abandi bicishw’amabuye.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara, kw’isi bizer’Imana, Iyi si ntiyar’ibabereye, Abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 5
None mwene Data wakiwe n’ umuco, Ako n’akarorero keza, Twifuze kumera nk’abo bizera, Duhahamire ico gihugu.