#23
Yesu yaraciye umugani
Umuco 1
Couplet 1
Yesu yaraciy’umugaqi mwiza, W’urwamfu n’ururô, Urwamfu n’abana ba wa mubi, Uburo n’abana b’Imana.
Refrain
Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.
Couplet 2
Imana yabivye imbuto nziza, Mu ndimiro nziza cane, Hac’iruhande umwansi wayo, Ateramw’imbuto mbi.
Refrain
Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.
Couplet 3
Imvura iragwa ku mbuto nziza, Kand’igwa no ku mbuto mbi, Vyose biramera bib’uruvange, Urwamfu hamwe n’uburo.
Refrain
Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.
Couplet 4
Abana b’Imana ibihe vyose, Bafis’uguhishurirwa, Bagahishurirw’amasezerano, Imana yabasezeraniye.
Refrain
Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.
Couplet 5
Abana ba wa Mubi ntabwo bafise, Guhishurirwa muri bo, Akarorero: Gahini ntabwo yamenye, Ivyo gushikanir’Imana.
Refrain
None nawe mwene Data wahishuriwe, Ukuri kuzima, n’ushim’Imana, Dushikame ku masezerano yayo, Duhang’amas’iwacu.