Indirimbo Zikundwa Open in the app

#23

Yesu yaraciye umugani

Umuco 1

Couplet 1

Yesu yaraciy’umugaqi mwiza, W’urwamfu n’ururô, Urwamfu n’abana ba wa mubi, Uburo n’abana b’Imana.

Refrain

Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.

Couplet 2

Imana yabivye imbuto nziza, Mu ndimiro nziza cane, Hac’iruhande umwansi wayo, Ateramw’imbuto mbi.

Refrain

Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.

Couplet 3

Imvura iragwa ku mbuto nziza, Kand’igwa no ku mbuto mbi, Vyose biramera bib’uruvange, Urwamfu hamwe n’uburo.

Refrain

Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.

Couplet 4

Abana b’Imana ibihe vyose, Bafis’uguhishurirwa, Bagahishurirw’amasezerano, Imana yabasezeraniye.

Refrain

Abana ba wa mubi bama bahama, Abana b’Imana ibihe vyose, Uhereye mu gihe c’umwe Abeli, Gushitsa n’uno musi.

Couplet 5

Abana ba wa Mubi ntabwo bafise, Guhishurirwa muri bo, Akarorero: Gahini ntabwo yamenye, Ivyo gushikanir’Imana.

Refrain

None nawe mwene Data wahishuriwe, Ukuri kuzima, n’ushim’Imana, Dushikame ku masezerano yayo, Duhang’amas’iwacu.