#1
Jewe kw’isi nd’umushitsi
Umuco 1
Couplet 1
Jewe kw’isi nd’umushitsi, Ndi mu rugendo rwo kuj’iwacu, Sindab’inyuma ndab’imbere, Mpanz’amaso iy’iwacu.
Refrain
Mwami Yesu, Mwami Yesu, N’unyigishe kwihangana, Mwami Yesu, Mwami Yesu, Kand’unyigishe kukwizera.
Couplet 2
Jewe kw’isi nd’umushitsi, N’aho nohura n’ivyago vyinshi, N’amagorwa ya hano kw’isi, Ivyo kw’isi n’ivy’akanya gato.
Refrain
Mwami Yesu, Mwami Yesu, N’unyigishe kwihangana, Mwami Yesu, Mwami Yesu, Kand’unyigishe kukwizera.
Couplet 3
Naho nohura n’intambara, Umwami Yesu n’Inkinzo yanje, Arantsindira ibingora, Ni We Mukiza nizigiye.
Refrain
Mwami Yesu, Mwami Yesu, N’unyigishe kwihangana, Mwami Yesu, Mwami Yesu, Kand’unyigishe kukwizera.
Couplet 4
Ni nashika iy’iwacu, Nzomushima Umwami Yesu, Nzohasanga bene Data, Bapfiriye mu Mwami Yesu.
Refrain
Tuzicarana n’Umwami Yesu, Tumushima, Haleluya! Urukundo yadukunze, Tuzomushima, Haleluya!