Indirimbo Zikundwa Open in the app

#69

Imana yarangiriye ubuntu

Umuco

Couplet 1

Imana Yarangiriye ubuntu, impumuray’ amaso yanje mbona kubona; Imbwir’iti ngo ndakwereke ivy’ab’isi ./.Batigeze kumenya./.

Couplet 2

Ngize ntya mbona ca kizira c’ubuyobe, cavuzwe na Paulo kir’ahera; mbon’isinzi ry’abantu benshi bo kw’isi ./.Baza kucunamira./.

Couplet 3

Ubwambere ico kizira cakoze, mu Mpwemu ya Antikristo ata nkomezi; kuko ca ki-nyabugingo c’Intambwe ./.Cari gifis’inkomezi./.

Couplet 4

Ubwa kabiri ico kizira cakoze, mu buryo bw’umuvugishwa w’ibinyoma; impwemu ya Antikristo itangura ./.Guhinyura Kristo./.

Couplet 5

Ubwa gatatu ico kizira cakoze, mu buryo bw’umwijima mwinshi n’ubutunzi; ah’ubuvugishwa bw’ivyo bwajimije ./.Abantu benshi cane./.

Couplet 6

Mur’ivyobihe vyose bibi vyabayeho, Imana Yararungika Mpwemu wayo; guhishurir’ abana bayo Umuco ./.Wokubamurikira./.

Couplet 7

Mur’iki gihe cacu kibi Impwemu, ikora mur’iki gihe yitwa rupfu; yish’abato n’abahambaye ivuga ./.Iti twese tur’abera./.

Couplet 8

Mur’iki gihe c’iherezo Imana, Yararungits’ Ubushobozi bw’inkukuma ituzamur’iyo hejuru y’ivy’isi ./. Ngo tubone vyose./.