#23
Yesu yaraciye umugani
Umuco
Couplet 1
Yesu yaraciye umugani mwiza, w’urwamfu n’ururo, urwamfu n’abana ba wa mubi, uburo n’abana b’Imana.
Refrain
Abana ba wa Mubi bama bahama abana b’Imana ibihe vyose, uhereye mu gihe c’umwe Abeli, gushika n’uno musi.
Couplet 2
Imana yabivye imbuto nziza, mu ndimiro nziza cane, haca iruhande Umwansi wayo, ateramw’imbuto mbi.
Refrain
Abana ba wa Mubi bama bahama abana b’Imana ibihe vyose, uhereye mu gihe c’umwe Abeli, gushika n’uno musi.
Couplet 3
Imvura iragwa ku mbuto nziza, kandi igwa no kumbuto mbi, vyose biramera bib’uruvange, urwamfu hamwe n’uburo.
Refrain
Abana ba wa Mubi bama bahama abana b’Imana ibihe vyose, uhereye mu gihe c’umwe Abeli, gushika n’uno musi.
Couplet 4
Abana b’Imana ibihe vyose, bafis’ uguhishurirwa, bagahishurirw’ amasezerano, Imana Yabasezeraniye.
Refrain
Abana ba wa Mubi bama bahama abana b’Imana ibihe vyose, uhereye mu gihe c’umwe Abeli, gushika n’uno musi.
Couplet 5
Abana ba wa mubi ntabwo bafise guhishurirwa muri bo, akarorero Kayini ntabwo yamenye, ivyo gushikanir’ Imana.
Refrain
None nawe mwene Data wahishuriwe Ukuri kuzima n’ushim’ Imana, dushikame ku Masezerano yayo duhang’ amas’iwacu.