#19
Ewe ncuti nuze twubake
Umuco
Couplet 1
Ewe ncuti uri ngaha, nuze twubake, ku masezerano y’Imana, Yadusezeraniye.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Yesu, nuze twibanire; mbone kwubaka ku Masezerano y’Imana.
Couplet 2
Umwami Yesu yarasize Isezerano ati: sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwe vuba.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Yesu, nuze twibanire; mbone kwubaka ku Masezerano y’Imana.
Couplet 3
Umwami yasize avuze ati: hasigaye igihe gito, ab’isi ntibabe bakimbona, ariko mwe muzombona.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Yesu, nuze twibanire; mbone kwubaka ku Masezerano y’Imana.
Couplet 4
Isezerano ntiryatevye, ry’Umwami Yesu, ryashitse kubari bizeye, ivyasezeranijwe.
Refrain
Kaze Yesu, kaze Yesu, nuze twibanire; mbone kwubaka ku Masezerano y’Imana.
Couplet 5
Nan’ubu Yesu Arakora, n’usab’ uhishurirwe ivyo, akorera mu ba mwizeye, babatijwe na Mpwemu.