#6
Bene data nimwihweze
Umuco
Couplet 1
Bene Data ni mwihweze, ukwishushanya kwamyeho, kuva mbere kugeza nanone.
Refrain
Mwirinde bene Data b’ibinyoma, biyoberanya muri mwe imisi yose, ./.Bama bota imigisha, muhezagiwe nawe nuko./.
Couplet 2
Ni mwibuke umwe Balamu, yishushanije k’ubisilayeli, ngo basambane n’abanya Mowabu.
Refrain
Mwirinde bene Data b’ibinyoma, biyoberanya muri mwe imisi yose, ./.Bama bota imigisha, muhezagiwe nawe nuko./.
Couplet 3
Kandi mwibuke umwe Kayini, yishushanije kuri Abeli, kuber’imbuto mbi yari muri we.
Refrain
Mwirinde bene Data b’ibinyoma, biyoberanya muri mwe imisi yose, ./.Bama bota imigisha, muhezagiwe nawe nuko./.
Couplet 4
None twibaze iki gihe cacu hariho abitwa bene Data, Biyorobeka muri twe vy’ukuri.
Refrain
Mwirinde bene Data b’ibinyoma, biyoberanya muri mwe imisi yose, ./.Bama bota imigisha, muhezagiwe nawe nuko./.
Couplet 5
Urashobora kuvuga, ko wasohotse mu madini, ariko ncuti wumv’ufis’Ijambo?