Indirimbo Zikundwa Open in the app

#283

None n’igihe c’ubuntu

Izindi

Couplet 1

None n’igihe c’ubuntu, kubwawe mu nyavyaha, nufate uyu mwanya ng’uze ku Mukiza. Ku musozi Kalvari, Yatway’ ivyaha vyawe, ngwino kuri We mugenzi, kugira akubuhore.

Refrain

Ubuntu butovugwa, bwuguruye ijuru, ngo buhe uwatsindw’ umunezero uhoraho. Ngwin’ubu mwaka kanya kw’uwo Musaraba, w’Iyo Ncuti ihebuje Yesu Mwami w’abami.

Couplet 2

Umwansi akugerageje, oh ntiwumvirize ijwi ryiwe rihenda. Wanke ivyo akuzanira, wegere ushize amanga, wihereze Umukiza, uzobona ububasha bwiwe buguhindura.

Refrain

Ubuntu butovugwa, bwuguruye ijuru, ngo buhe uwatsindw’ umunezero uhoraho. Ngwin’ubu mwaka kanya kw’uwo Musaraba, w’Iyo Ncuti ihebuje Yesu Mwami w’abami.

Couplet 3

Yesu We arakwishuza, araguhamagara, ngo akize ubugingo bwawe kuj’ikuzimu. Ngw’ahindure ubugorwa, ahanagure ivyaha, ngo Agushiremwo umuco, wabo Yacunguye.

Refrain

Ubuntu butovugwa, bwuguruye ijuru, ngo buhe uwatsindw’ umunezero uhoraho. Ngwin’ubu mwaka kanya kw’uwo Musaraba, w’Iyo Ncuti ihebuje Yesu Mwami w’abami.

Couplet 4

Ubu buzima ni buto, ntawuzi ko ejo atazofata inzira atakigaruka. Imbere yuko biba ng’ube wacerewe, fata Agakiza atanga, Yesu abe uwawe.