Indirimbo Zikundwa Open in the app

#281

Mucunguzi mukundwa wabambwe

Izindi

Couplet 1

Mucunguzi Mukundwa, Wabambwe ku giti Ufatwa nk’umwambuzi kubw’icaha canje. Intimba wishizeko n’amarushwa yose bimbwira yuko Unkunda, ni je Wahanirwa!

Couplet 2

Data arampeba mpagarik’ umushaha nyw’igikombe kirura kubw’ivyaha vyawe. Urukundo rwanje rugu-kiza kurimbuka ku bwawe munyavyaha nar’i Golgotha.

Couplet 3

Amaraso, n’ibikomere, n’igitsibo, gushishagurwa wumve ko hari kubwawe. Umubabaro wawe niwo nikoreye, raba kandi ureme ku Wagucunguye.

Couplet 4

Kwubw’ urukundo rwawe, ndi hano Mukiza, mfata uko ndi kwose Warambabarijwe. N’umutima ukunze kuv’ubu mbeshweho Yesu kubw’ icubahiro cawe Mukiza.