#233
Urya musi ku musozi kaluvari
Izindi
Couplet 1
Urya musi ku musozi Kaluvari, Yashizwe mu nkozi z’ikibi. Urya musi ahitw’ agahanga, Oh! Niho bamubambiye.
Refrain
Yari We Yesu, Yari We Mwami wanje, Yari We Umwami Imana y’Ubwiza. Yari We Mesiya Umukuru w’Ubugingo, Yari We Jambo yambaye umubiri.
Couplet 2
Yambara Igitsibo c’amahwa, Umubiri urashishagurwa, Yunamye musi y’Umusaraba avirirana ntiyaheba.
Refrain
Yari We Yesu, Yari We Mwami wanje, Yari We Umwami Imana y’Ubwiza. Yari We Mesiya Umukuru w’Ubugingo, Yari We Jambo yambaye umubiri.
Couplet 3
Uwera aburanywa n’ababi, Atsindishwa ntiyiregura. Yambuwe ntiyabaza na kimwe, Umwagaz’ uzanwa utarwana.
Refrain
Yari We Yesu, Yari We Mwami wanje, Yari We Umwami Imana y’Ubwiza. Yari We Mesiya Umukuru w’Ubugingo, Yari We Jambo yambaye umubiri.
Couplet 4
Abambwe akiza abanyavyaha, arushe Arabaharira. Agawe Yakund’ umucokora, yitaho ngo Data baharire.
Refrain
Yari We Yesu, Yari We Mwami wanje, Yari We Umwami Imana y’Ubwiza. Yari We Mesiya Umukuru w’Ubugingo, Yari We Jambo yambaye umubiri.
Couplet 5
Yagiriza uru runganwe, haj’Umuhanuzi w’igihe, yereka amadini yose ko babamba Ubutumwa kandi.