#228
Ikimenyetso c’intsinzi caka mw’ijuru
Izindi
Couplet 1
Ikimenyetso c’Intsinzi caka mw’ijuru; Igitsibo c’ubgiza kir’imbere yacu.
Refrain
Ndaje, bandanya kurwana Yesu aravuze! Ego, Mukiza nkwambaje ngwana ku mavi.
Couplet 2
Umwansi yuzuy’ishavu, Agwiz’ibipfunsi. Ntiducikinege kuko Kristo turi kumwe.
Refrain
Ndaje, bandanya kurwana Yesu aravuze! Ego, Mukiza nkwambaje ngwana ku mavi.
Couplet 3
Dukurikir’Ibendera y’Umusaraba! Ingabo zose zacu zumvir’ijwi Ryiwe.
Refrain
Ndaje, bandanya kurwana Yesu aravuze! Ego, Mukiza nkwambaje ngwana ku mavi.
Couplet 4
Mu ntambar’ iramb’igoye, Turatabarwa! Dufat’ inkota mu minwe, ihor’inesha.