Indirimbo Zikundwa Open in the app

#207

Hafi yawe Mana

Izindi

Refrain

{Hafi yawe Mana, niho ngomba kuba: Ni Wewe wandemye, ndemwa ngo mb’uwawe; n’umutim’ uruha iyo tutagumanye.} x2

Couplet 1

Ninde ubu yohaza, umutima wanje, nkaronk’ico nsaba, urukundo rw’agahore? Atari We Mwami, Imana y’Ubuntu, Urukundo nyakuri mu bihe n’ibihe.

Refrain

{Hafi yawe Mana, niho ngomba kuba: Ni Wewe wandemye, ndemwa ngo mb’uwawe; n’umutim’ uruha iyo tutagumanye.} x2

Couplet 2

Je ndakunyotewe, Mana y’Urukundo; Mpa kuri ya mazi, ahaz’ ubugingo. Umpe Mpwemu wawe, abe muri jewe, nguhay’ umutima n’uze uwubemwo.

Refrain

{Hafi yawe Mana, niho ngomba kuba: Ni Wewe wandemye, ndemwa ngo mb’uwawe; n’umutim’ uruha iyo tutagumanye.} x2

Couplet 3

Mwami nkiri mw’isi, nyereka Urukundo; Ntagufise hafi, nguma ntembagara. Ngwino unkomeze, mu gukund’ abandi, ngo menye gufasha no kubabarira.

Refrain

{Hafi yawe Mana, niho ngomba kuba: Ni Wewe wandemye, ndemwa ngo mb’uwawe; n’umutim’ uruha iyo tutagumanye.} x2

Couplet 4

Kw’iherezo ryanje, Yesu uzunyakire n’umutima wawe, muhira kwa Data; Ngo nze nkwibonere, ndakwitegereze, mbe mu rukundo rwaw’ibihe bidashira.