Indirimbo Zikundwa Open in the app

#200

Ese ukuntu ari mwiza

Izindi

Couplet 1

Emwe Majuru namw’ abayatuyemwo, mwumv’ ukuntu Yesu yuzuy’ Urukundo; Namw’ abatuye kw’isi N’ibikoko vyose, mumushime kw’Ari Mwiza.

Refrain

{Es’ukunt’Ari Mwiza} x3, Yes’Umwami Wanje! Es’ukunt’Ari Mwiza! Haleluya! Nzokwama ndamushemeza!

Couplet 2

Yaturemey’Ubugingo budashira, twaracumuye, turatakaza vyose; Ku bw’urukundo rwiw’ Arizira mw’isi, Kugira ngw’Aducungure.

Refrain

{Es’ukunt’Ari Mwiza} x3, Yes’Umwami Wanje! Es’ukunt’Ari Mwiza! Haleluya! Nzokwama ndamushemeza!

Couplet 3

Yaje mur’ino s’Ameze nk’Umwagazi, Ases’Amaraso, Yo kuducungura; Kuv’ico gihe dusemerera tuti, ruboyi rw’urupf’’uri he?

Refrain

{Es’ukunt’Ari Mwiza} x3, Yes’Umwami Wanje! Es’ukunt’Ari Mwiza! Haleluya! Nzokwama ndamushemeza!

Couplet 4

Nk’ukw’inkon’ikor’ Araducengereye, Az’ivyo dusaba, Aratwitayeho; Iy’Adushitseko, Ac’Asemerera: Ntimutinye, kukw’ari ho Ndi.

Refrain

{Es’ukunt’Ari Mwiza} x3, Yes’Umwami Wanje! Es’ukunt’Ari Mwiza! Haleluya! Nzokwama ndamushemeza!

Couplet 5

Nk’ukw’inkok’ ibundikir’ imiswi yayo, Aratubundikiy’ Aratwitayeho. Ni he hov’isegeny’ Atohagarika? Ndi mu mutekano ntangere.

Refrain

{Es’ukunt’Ari Mwiza} x3, Yes’Umwami Wanje! Es’ukunt’Ari Mwiza! Haleluya! Nzokwama ndamushemeza!

Couplet 6

Imana nsenga nshima, N’Umwami Yesu, Ntahengeshanya kwam’Angirira neza. Sinoharur’ ivyiza Yam’Angirira! Ni We Mana nzokwama nsenga!