Indirimbo Zikundwa Open in the app

#155

Twasangiye na Yesu

Izindi

Couplet 1

Twasangiye na Yesu kumeza amwe twanywereye kugikombe kimwe, kandi ukuboko kwasangiye na Yesu kugiye kuba ukwera.

Refrain

Yaraciye umugani ati ukuboko kw’umuntu ni kwamwosha gukor’icaha araguca agute, yarongeye aravuga ati n’ijisho ry’Umuntu ni ryamwosha gukora icaha arizure arite.

Couplet 2

Kandi n’ijisho rya Samusoni ryamwoheje gushima malaya, kandi Delila wa Samusoni yamunogoye amaso.

Refrain

Yaraciye umugani ati ukuboko kw’umuntu ni kwamwosha gukor’icaha araguca agute, yarongeye aravuga ati n’ijisho ry’Umuntu ni ryamwosha gukora icaha arizure arite.

Couplet 3

Kandi na Yuda yar’intumwa ya Yesu basangiye na Yesu, kandi ukuboko kwiwe kwari kubi niho yagura Yesu.