#113
Uhoraho nama ntangazwa cane
Izindi
Couplet 1
Uhoraho nama ntangazwa cane, N’ivyaremwe n’Ibiganza vyawe, inyenyeri n’uguhindakw’ inkuba, Vyerekana Ububasha bwawe.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira: Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 2
Iyongenda mw’ishamba ry’ikibira, numv’ inyoni uko ziririmba. Ndi ku mpinga ndende ndaba mu mwonga, mbon’ imigezi numv’ akayaga.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira: Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 3
Iyo nibutse ko Mana Watanze, Umwana Wawe ku Musaraba; Imitwaro yanj’ Akayikorera, Yampfiriye ngomb’ umwana wawe.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira: Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 4
Kristo Azozanana n’Impundu ziwe, Azonjana mu rugo kwa Data. Nzopfukama mpimbaz’ Imana yanje, Mvuz’ impundu nti: Mana Uri Nkuru!
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira: Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2