#96
Umutim’udendebuwe wifuza agakiza kawe
Impimbano
Couplet 1
Uhoraho, Undangire ivyo washinze: ndavyitondere gushitsa kw’iherezo. Ushitse umusavyi wawe mw’isezerano, iryo wasezeraniye abakwubaha.
Refrain
{Umutim’udendebuwe, wifuza Agakiza kawe: (Ariko nzizigira Wewe. x2)} x2
Couplet 2
Kugororoka kwacu sikw’udusaba, ukuva mu kukwizera nikwo wemera. Mbonekeye muri Wewe Mwami wanje, ngir’Ukwizera nyakuri kuva ku Mana.
Refrain
{Nkuzur’Urukundo rwawe, na kamere kawe Yesu: (Nkabaho mu bushake bwawe. x2)} x2
Couplet 3
None ibihe bidashira biregereza, nyemerera Mpwemu wawe amvugutire. Mu bugingo bwanje bwose abwiganzire, kugira mpagarare mu Ntsinzi yawe.
Refrain
Amaso yanje akobowe, yifuz’Igikorwa cawe: Nkibaza nti: Mbese ni ryari? Nzisanga ngutunganiye, Urukundo ruhinguwe; {nkamenya ko vyose ar’Ubuntu.} x2
Couplet 4
{Bambazwa mu mutima no kwirabako, ariko nzi kw’ataco nokwiyungurako.} x2 Mfasha mpang’amaso Yesu Yambambiwe; Ubuntu bwiwe bwuzuye bumperekeze.
Refrain
Umvi’ijwi ryanje Mukiza, mp’Akamere kawe Yesu, Uhimbar’ imisi isigaye. Urukundo rw’agahore, kugororoka kw’Imana, {bimbemwo bivuye i Wawe.} x2