#84
Ku murwa wera siyoni
Impimbano
Couplet 1
Ku Murwa wera Siyoni, nta marir’ agerayo. Hazobay’ umunezero gusa, w’Abakijijwe bo mw’isi. {Nta rupfu rugerayo, nta marir’ agerayo. Abera bararirimba; Haleluya Amina.} x2
Refrain
{(Haleluya) x3 Amina.} x2
Couplet 2
Aburahamu yarawubonye, azinukw’ ivy’isi. Naho Sodomu car’ikiyaya ciza, Aburahamu ntiyagikunze. {Yagumanye n’Ijambo ryavuganye nawe, kandi ntiryamutaye kuko ridahemuka.} x2
Refrain
{(Haleluya) x3 Amina.} x2
Couplet 3
Mwene Data wumv’ unaniwe, ihangane turi hafi, gushik’aho tuzoturw’ imitwaro duhanagurw’ amarira. {Nah’ingoran’ari nyinshi, ihangane zizoshira. Abahizi barihanganye, ntur’uwa mber’uziciyemwo.} x2
Refrain
{(Haleluya) x3 Amina.} x2