Indirimbo Zikundwa Open in the app

#76

Tubona kw’igihe cagiriye

Impimbano· Fr Salem & Fr Daniel

Couplet 1

Bene Data, yemwe Bakundwa, tubona kw’igihe cagiriye (cane). {N’uko tube maso ntiduhendwe, ngo dutwarwe n’ivy’ubu bugingo.} x2

Refrain

Ntidushishikar’ ivy’isi ngo dutwagwe dusinzire nka ba bandi ngo dutegwe, kukw’ Igihe kiri hafi, Umwam’ Azoza kutujana i Muhira, Tuzoruhuka.

Couplet 2

Nuko Bakundwa tugir’ umwete, wo gushika muri ca Gihugu (Ciza). {Twame tugavye twirinde vyose, vy’iki gihe birwany’ Ubugingo.} x2

Refrain

Twibuke k’Umwami wacu Yateguriy’ Abamukunda, ivy’ijisho ritarabona n’ivy’ ugutwi kutarumva, n’umunezer’ umutim’ utazi, vuba tuzovyinjiramwo.

Couplet 3

Tube Abizigirwa b’Umwami gushitsa ku mpera y’iherezo (ry’ibihe), twihangane mu ntambara zacu nk’abasoda b’Umwami Yesu. Tubandanir’ Ubwami bw’Imana, tubunyakurisha Ubuhizi.

Refrain

Nta musoda yikwegera mu vy’iy’isi ngw’ahimbare, uwamuhay’ ubusoda. Twiyubare ntibiduteshe Kwitegura, Twabikiwe Igitsibo kitazoshira.

Couplet 4

Ntidutiny’iy’ Umwans’ aduteye, dufis’ Umugabisha w’Ingabo (z’Uhoraho). Umwe Yarwanirira Yosuwa, Ari ku ruhande rwacu. Ngw’ Aturwanir’ Intambara zose, Ari ku ruhande rwacu.

Refrain

Umwami Yaranesheje, i Golgota ku Musaraba. Aduha kunesha vyose, mu Ntambara yo Kwizera. Duhumure tuzonesha, kuko Yes’Ari kumwe natwe.

Couplet 5

N’ubwo tukicambay’ umubiri, ntiturwanisha uyu mubiri (w’integenke). Twabir’ Ibigwanishwa vya Mpwemu, Tunesh’ impwemu mbi zose. Tunesh’ umwam’ aganz’ ikirere, Tumuneshesh’ Umwami Yesu.

Refrain

Hashimw’Imana kw’Iduha, Intsinzi mu Mwami Yesu. {Dukomere ntidutinye dufis’ Imper’ ikomeye y’ubutame muri Kristo, i Muhira Tuzomubona.} x2