Indirimbo Zikundwa Open in the app

#345

Enda ni muze twihererane

Ikirundi

Couplet 1

Enda ni muze twihererane, ibikorwa birabananije; Mwiyuh’ ivyuya, mutenzukirwe, Mbasubizemw’ inkomezi zanje.

Couplet 2

Murek’ ibikundwa n’ ab’ iyi si: Ngo tuyag’ ivy’ ab’isi batazi! Mubaye kumwe nanje na Data ntimuzoba mubaye mwenyene.

Couplet 3

Ivyo mwavuze n’ ivyo mwakoze, Ar’ ukunesha canke kuneshwa, Ivyo muziga n’ ivyo mutinya. Mundondere vyos’ uko bingana.

Couplet 4

Ndazi yukw ar’ ikigoye cane Kwemez’ abantu ngo bahinduke, Yemw’ abacumukuye murira Mwihangane nzobah’ igitsibo.

Couplet 5

Ni muruhuke kuk’ urugendo Rukomeye, rwobagwish’ isari, Mury’ umutsim’ ubah’ inkomezi, Munywe no ku mazi y’ubugingo!

Couplet 6

Maze duhejeje kubonana Musubire mu bikorwa vyanyu; Uyu mubonano wacu mwiza S’uw’ ubusa, n’uw’ ikimazi pe.