#342
Akanya kose Niw’Anzigama
Ikirundi
Couplet 1
Napfanye na Yesu, mpfa ku vyaha, ndiho muri We mfis’ubugingo, ntumbera Yes’Ahari mw’Ijuru: Akanya kose, Mwami; nd’uwawe.
Refrain
Akanya kose Niw’ Anzigama, akanya kose mfis’ubugingo, ntumbera Yes’Ah’ari mw’Ijuru: Akanya kose, Mwami, nd’uwawe.
Couplet 2
Kandi mu Ntambara, ndwany’ ivyaha. Niw’ Antabar’ Akaneshereza, kukw ari We Nyen’Inganji zose: Akanya kos’ Ampozakw ijisho.
Refrain
Akanya kose Niw’ Anzigama, akanya kose mfis’ubugingo, ntumbera Yes’Ah’ari mw’Ijuru: Akanya kose, Mwami, nd’uwawe.
Couplet 3
No mu magorwa Yam’Amba hafi, Niw’ Anyakir’ imitwaro yose, Yamana nanje mu mibabaro: Akanya kose, Yam’Anzigama.
Refrain
Akanya kose Niw’ Anzigama, akanya kose mfis’ubugingo, ntumbera Yes’Ah’ari mw’Ijuru: Akanya kose, Mwami, nd’uwawe.
Couplet 4
Kandi n’iyo nsuhuz’ umutima, mfis’ umubabaro n’akabonge, cank’iyo ndi no mwirinde ryose: Akanya kose, Yam’Anyibuka.
Refrain
Akanya kose Niw’ Anzigama, akanya kose mfis’ubugingo, ntumbera Yes’Ah’ari mw’Ijuru: Akanya kose, Mwami, nd’uwawe.
Couplet 5
Mu ntege nke zanj’ Amp’inkomezi, Nta n’indwar’ Ananirwa gukiza, Yesu ni We Murokozi wanje: Akanya kose ni We tubana.