#330
Habay’umus’ Ijuru ryanezerwa
Ikirundi
Couplet 1
Habay’umus’ Ijuru ryanezerwa, ariko mw’isi huzuy’ umwiza, uyo musi Yes’Amanuka mw’isi ngw’avyarwe n’umukobga atunganye.
Refrain
Rab’Urukundo rwatumy’ Ampfira, Agahamb’ ivyaha vyanje mu mva, mu Kuzuk’ Akantsindanishiriza: Hazoz’ umus’ Azogarukako.
Couplet 2
Habay’umusi babamb’ Umukiza i Gologota ku Musaraba, Arababazw’ Akengerwa n’abantu: Uko ni ko Yankuyekw’ ivyaha.
Refrain
Rab’Urukundo rwatumy’ Ampfira, Agahamb’ ivyaha vyanje mu mva, mu Kuzuk’ Akantsindanishiriza: Hazoz’ umus’ Azogarukako.
Couplet 3
Habay’umusi bahamb’ Umukiza, bamushira mu mva y’umutunzi, kubg’ ivyo sinzongera kwihebura: Nshiz’ ivyizigiro muri Yesu.
Refrain
Rab’Urukundo rwatumy’ Ampfira, Agahamb’ ivyaha vyanje mu mva, mu Kuzuk’ Akantsindanishiriza: Hazoz’ umus’ Azogarukako.
Couplet 4
Habay’umusi Satan’ araneshwa, vyananiy’ imva kugumya Yesu. Ac’Arazuka, Aneshej’ Urupfu, Aja mw’Ijur’i buryo bg’Imana.
Refrain
Rab’Urukundo rwatumy’ Ampfira, Agahamb’ ivyaha vyanje mu mva, mu Kuzuk’ Akantsindanishiriza: Hazoz’ umus’ Azogarukako.
Couplet 5
Hazob’umusi tuzumvakw’ Inzamba, Ijuru rizokayangana pe, Umukiza wanj’ Azoza mu Bgiza, Aje ku Ngoma ngo yime mw’isi.