Indirimbo Zikundwa Open in the app

#325

Dutond’ Urugamba twese

Ikirundi

Couplet 1

Dutond’ Urugamba twese, tuje mu Ntambara, ukwicara kumaz’iki Satan’ akiriho? Ahagaz’ imbere yacu n’abadayimoni, agomba kuduc’ ivutu, yamar’ azotsindwa.

Refrain

Uku ni kwo kunesha, uku ni kwo kunesha; Kwanesheje isi yose: N’ukwizera kwacu.

Couplet 2

Inkota turayifise, n’Ijambo ry’Imana, n’imwe n’iyaneshereje Abera ba kera. Bararwana barahira Ukwizera kwabo, kwarabahaye kunesha no mu rupfu na rwo.

Refrain

Uku ni kwo kunesha, uku ni kwo kunesha; Kwanesheje isi yose: N’ukwizera kwacu.

Couplet 3

Abansi bacu ni benshi, barwany’ Agakiza. Tuzobanesha twambaye ivy’iman’ Itanga: Inkofero y’Agakiza, n’inkingi y’Ukuri, n’ibirato vy’amahoro, dutway’ ukwizera.

Refrain

Uku ni kwo kunesha, uku ni kwo kunesha; Kwanesheje isi yose: N’ukwizera kwacu.

Couplet 4

Ni nanesha nzokwambikwa Impuzu n’Umwami, Azovug’izina ryanje imbere y’ijuru! Ni tuve hasi turwane, mw’Izina rya Yesu, Tuzonesh’ abansi bose, tujanye n’Umwami.

Refrain

Uku ni kwo kunesha, uku ni kwo kunesha; Kwanesheje isi yose: N’ukwizera kwacu.