#295
Zakayo yari mugufiya
Ikirundi
Couplet 1
Zakayo yari mugufiya, Eka yari mugufi pe! Yiruka ku git’ aracurira Rugira ngw arabe Yesu, Kugira ngw arabe Yesu.
Couplet 2
Yes’araz’ ararangamiza, Maz’ abonayo Zakayo, Ati Zakay’ ururuk’ uz’ ino, Ngo tujane ndar’ i wawe, Ngo tujane ndar’ i wawe.
Couplet 3
Buno nyen’ ac’ arururuka, Barajana bashik’ i we, Ubusuma bgos’ arabgihana, Ati Pe, nzoriha kane! Ati Pe, nzoriha kane!
Couplet 4
Yes’ aramubgir’ ati None haj’ Agakiza mur’iyi nzu. Kandi nazanywe no kurondera Icari cazimiye, Icari cazimiye.