Indirimbo Zikundwa Open in the app

#289

Igitabo c’Imana ndagikunda

Ikirundi

Couplet 1

Igitabo c’Imana ndagikunda, n’icanje: Ni co kimbgir’ ukuri Yuko nd’ umunyavyaha.

Couplet 2

Kinyigish’ Urukundo rw’Umucunguzi wanje; Kand’ iyo ntay’ inzira Y’ Imana, kirampana.

Couplet 3

Iyo ntewe n’ ivyago kitumar’ umubabaro; Kinyigisha yuko ndi Umwambukira mwisi.

Couplet 4

Igitabo c’ Imana Kimbgira ko kwizera Yesu kwompa kunesha Urupfu na Satani.

Couplet 5

Kandi k’ uwanka Yesu, Agapfira mu vyaha, Kw ari w’ azopfa rubi Ntabane n’ Uhoraho.

Couplet 6

Kimbgira yukw abera Bazojanwa mw ijuiu, Bagahabga na Yesu Ivyiza bidashira.

Couplet 7

Igitabo c’ Imana Kinyigish’ ivyo vyiza, Kirut’ ibindi vyose, Nta kindi kinyobora.