#289
Igitabo c’Imana ndagikunda
Ikirundi
Couplet 1
Igitabo c’Imana ndagikunda, n’icanje: Ni co kimbgir’ ukuri Yuko nd’ umunyavyaha.
Couplet 2
Kinyigish’ Urukundo rw’Umucunguzi wanje; Kand’ iyo ntay’ inzira Y’ Imana, kirampana.
Couplet 3
Iyo ntewe n’ ivyago kitumar’ umubabaro; Kinyigisha yuko ndi Umwambukira mwisi.
Couplet 4
Igitabo c’ Imana Kimbgira ko kwizera Yesu kwompa kunesha Urupfu na Satani.
Couplet 5
Kandi k’ uwanka Yesu, Agapfira mu vyaha, Kw ari w’ azopfa rubi Ntabane n’ Uhoraho.
Couplet 6
Kimbgira yukw abera Bazojanwa mw ijuiu, Bagahabga na Yesu Ivyiza bidashira.
Couplet 7
Igitabo c’ Imana Kinyigish’ ivyo vyiza, Kirut’ ibindi vyose, Nta kindi kinyobora.