Indirimbo Zikundwa Open in the app

#285

Kiz’abanyavyaha, tabar’abapfa

Ikirundi

Couplet 1

Kiz’abanyavyaha, tabar’abapfa, Bakure mu vyaha no mu rupfu; Habur’ abahavye. vyur’ abaguye. Babgire ko Yes’ azi gukiza. Kiz’ abanyavyaha, tabar’abapja: Yes’ Umunyembabaz’ arakiza.

Couplet 2

N’abamukengera na bo ntabanka, Arorereye ko bokwihana, Binginge bemere, ubasengere, Ni bizer’ azoc’ abaharira.

Couplet 3

Toz’ abazimiye inzira nziza, Bareke guhahamir’ ivy’ isi; Kanguz’ imitrma yab’ urukundo, bagaruke ku wabacunguye.

Couplet 4

Kiz’ abanyavyaha, urabikwiye, Umwam’ azoguh’ ubushobozi; Bos’ ubasubize mu nzira ntoya, Menyesh’ Induhe ko zarokowe.