Indirimbo Zikundwa Open in the app

#280

Imis’irahita vuba, irahita yiruka

Ikirundi

Couplet 1

Imis’irahita vuba, irahita yiruka, ikigenda benshi bapfa batameny’ Umukiza. Har’igikorwa cacu tugikoran’ umwete, tubandanye dukore, imis’ itarahera.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 2

Wobib’ imbuto z’ivyiza mu mitima y’abantu, amosozi y’abarira woyabahanagura, hariho n’abaguye, kubavyura ni kwiza, no guhumur’ amaso, no kuvur’ibisebe.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 3

Ivyo vyoshobokera nde? Wewe wobishobora, namb’ ufise Mpwemu Yera, n’urukundo rw’Imana: Ikunda kubiduha tubigomvye vy’ukuri: Tuyisengan’umwete, Dukor’ ivy’ imbabazi.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 4

Ic’Umwami Yes’Agomba n’ukugendana natwe, ngw’aruhur’ abananiwe bamutey’ ibitugu. Kandi Yaravuz’ati: Uzonyizera wese azobgir’ imisozi ngw’itabge mu kiyaga.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 5

Nta c’utiny’ ibir’ imbere, Yes’Azogushoboza. Umuh’ umutima wawe, Awiganzire rwose! Isi yubahe Yesu! Yadutsindiy’ Urupfu bo n’abadayimoni: Ubu ni We dufise.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 6

Rek’ ukwo kwizera guke: Na ruhebga yokizwa! Ibuka yuko Paulo yar’umwansi w’ivyiza; Yesu Yamuhwikiye atabizi na gato, ac’akizw’ uwo mwanya, ab’Intumwa ya Yesu.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.

Couplet 7

Ngo n’ubu, mugende mwese, Muri kumwe na Yesu; Mumubgir’ abatamuzi, nabo baz’Abakize. Nta co mugaburura, canke ngo munanirwe, mutarabashikana ku Mukiz’Abifuza.

Refrain

Irahera, irahera, imisi irahera. Ni tuve hasi twese, tureke gukererwa.