Indirimbo Zikundwa Open in the app

#278

Mukiza, ni Wewe zuba ryanje

Ikirundi

Couplet 1

Mukiza, ni Wewe zuba ryanje, Nta joro ngir’ uri hafi yanje, Ivy’ isi ntibib’ igicu Kinkingiriz’ umuco wawe.

Couplet 2

Kand’itiro ryiz’ iyo rigira riruhur’ amaso yanj’ arushe, Nibuke yuko mw ijuru Yesu, nzohora nkwiseguye.

Couplet 3

Wiriranwe nanje Mucunguzi, Tutari kumwe nobaho nabi; Twamane kandi mw ijoro, Tutabanye notinya gupfa.

Couplet 4

Namba hagiz’ uwakengereye Ijwi ry" Imana kur’ uyu musi, Tangura none Mukiza, Kumurangir’ inzira nziza.

Couplet 5

Mwam’ ubane maso n’ abarwaye, Uh’ abaken’ imigisha myinshi, Abagandariy’ ababo Mwam’ ubasinzirize neza.

Couplet 6

Mukiza, tuze twikangurane Umugish’ udufash’ ibikorwa, Ni twapfa tuze tujane N’urukundo rwawe mw’Ijuru.