Indirimbo Zikundwa Open in the app

#276

Man’ubu ngira nsinzire

Ikirundi

Couplet 1

Man’ubu ngira nsinzire, Unzigam’ iri joro, Mbundikiriz’ amababa. Ibibi ntibinzeko, Ibibi ntibinzeko.

Couplet 2

Kandi Mwami ntararyama, Mparir’ ivyaha vyanje, N’ ivyo nagucumuyeko, Ubinkureko Mana, Ubinkureko Mana.

Couplet 3

Kand’ uryamik’ amahoro Bene wacu n’ incuti, Bato n’ abakuze bose Babe mu nyonga zawe, Babe mu nyonga zawe.

Couplet 4

Kand’ uraban urukundo Abababaye bose, Unezerez’ abakene Abarway’ ubakize Abarway ubakize.

Couplet 5

Mwami ndangij’ivyo nsenga, Nsinzire nkwiseguye, Maze mmenye ko nzigamwa N’ urukundo rwa Data. N’ urukundo rwa Data.