#274
Wa zub’ utumwe kutunezereza
Ikirundi
Couplet 1
Wa zub’ utumwe kutunezereza, non’ehe buratamanzuye rwose; Mutima wanje, ririmbir’ Imana, Roresha nonaha ivyiyumviro ku Mwami mw ijuru.
Couplet 2
Imana yatuginy imbabazi Zingana n’ myenyeri zitovugwa, Zingana n’ udutonyanga tw’ ikime; Kand’ uko bukeye wam’ ump’imbabazi Zisesekaye.
Couplet 3
Imana yaray’ inzigamye neza, N’ aba bose bacu n’ urugo rwacu, Kandi nta rupfu rwadushikiriye; Rwaraturenganye: ndamutse nkiriho: Mana n’ ushimwe.
Couplet 4
Icaha ntikimpumish’ umutima; Mbony’ ivy’ Iman’ igomba ndabikore. Mana mw ijur’ ungirir’ imbabazi: Kand’ umpezagirr mu vyo nkora vyose: Ni wew unganza.