Indirimbo Zikundwa Open in the app

#250

Nirata wa Musaraba Yesu Yampfiriyeko

Ikirundi

Couplet 1

Nirata wa Musaraba Yesu Yampfiriyeko. Ivyo mu Gitabo vyose ni ho biserukira.

Refrain

Iyo mpuye n’amagorwa, mpemukiwe n’abantu, Umusarab’ uzontera Amahoro y’Imana.

Couplet 2

Ubu ngendera mu Muco w’ Iman’ Izuba ryanje, ndushaho kubon’ inzira kuko nakirwa na yo.

Refrain

Iyo mpuye n’amagorwa, mpemukiwe n’abantu, Umusarab’ uzontera Amahoro y’Imana.

Couplet 3

Imigisha n’Amagorwa vyezwa n’Umusaraba, Muri wo har’Amahoro, n’Umunezero mwinshi.

Refrain

Iyo mpuye n’amagorwa, mpemukiwe n’abantu, Umusarab’ uzontera Amahoro y’Imana.