Indirimbo Zikundwa Open in the app

#245

Mbonye wa Musaraba wa Yesu

Ikirundi

Couplet 1

Mbonye wa Musaraba wa Yesu, nkibuk’ uko Yawumpfiriyeko, nca nank’ ivyo nahora nirata, nkumva ndabitituye rwose.

Couplet 2

Singapfe ni ras’ ikindi, Yesu, Atari rwa rupfu wampfiriye; Ivyahora bimpimbara kera, Ndabishikaniy’ amaraso.

Couplet 3

Rab’ umubabaro n’ urukundo Biva bivanze mu nguma ziwe: Mwaribgumv’ ikivange ben’ ico, Cank’ amahwa kw ab’ igitsibo?"

Couplet 4

Naho noba nganz iyi si yose, Nkagomba kuyitangakw inyishu, Na yo nta ho yommarir’ umwenda, Nokererwa hanini rwose.

Couplet 5

Urukundo rutangaje rurtyo Numva rukwiye kunyitangisha, N’umutima n’ ivyo ntunze vyose", ‘Ngo bib’ ivyiw’ avyiganzire.