#238
Kera can’ abungere
Ikirundi
Couplet 1
Kera can’ abungere ni bo batanguye kwumv’ inkuru z’ivyiza ko Yes’ avutse: Mw’ijoro ku musozi bumv’amajwi menshi Y’ ingabo zo mw ijuru zishima cane.
Refrain
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’Isirayeli.
Couplet 2
Kandi n’ abanyabgenge naho bari kure Na bo babony’ ikintu cabatangaje: Babony’ ikimenyetso c’ inyenyeri nini Co kuberek’ aho Yesu yavukiye.
Refrain
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’Isirayeli.
Couplet 3
Bamaze kubimenya k’Umukiza yaje, Bagomvye kuj’ iy’ ari ngo bamusenge; Ba banyabgenge bose bamuh’ izahabu, N’ imibavu n’ isenga bimota neza.
Refrain
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’Isirayeli.
Couplet 4
Natwe tuje kuri we, n’ Umukiza wacu, Yemeye gucishwa bugufi kubgacu; Yatuguz’ igiciro c’ amaraso yiwe, Ab’ impongan’ itubuza gupfa rubi.
Refrain
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’Isirayeli.
Couplet 5
Tumushimire cane kwa kuvuka kwiwe, Tumushikanir’ imitim’ imenetse, Umwami Yes’ avuke no kur’ uyu musi Mu mitima ya benshi, bamunezere.
Refrain
Noël, Noël, Noël, Noël, Havuts’ Umwami w’Isirayeli.