Indirimbo Zikundwa Open in the app

#232

Mvuye mw’ijuru nonaha

Ikirundi

Couplet 1

Mvuye mw’ijuru nonaha, Nzany’ ubutumwa bg’ Imana, Ubgo butumwa ni bgiza, Mbuvuge ndabuhimbaza.

Couplet 2

Muravukiwe n’Umwana, Nyina n’inkumi Mariya, Uwo Mwana muto mwiza N’ uwo kubanezereza.

Couplet 3

Ni we Mwami wanyu mwiza, Agir’ imbabazi nyinshi; Ni we Mukiza wa mwese Abakiz’ ivyaha vyanyu.

Couplet 4

Arabater’akaneza Kabakomereza mw’isi Ku ngoma yiwe muhawe Ubugingo budashira.

Couplet 5

Tubikenguruke twese Tujane na ba bungere Kurab’ic’Iman’igavye Umwana way’adukiza.