#232
Mvuye mw’ijuru nonaha
Ikirundi
Couplet 1
Mvuye mw’ijuru nonaha, Nzany’ ubutumwa bg’ Imana, Ubgo butumwa ni bgiza, Mbuvuge ndabuhimbaza.
Couplet 2
Muravukiwe n’Umwana, Nyina n’inkumi Mariya, Uwo Mwana muto mwiza N’ uwo kubanezereza.
Couplet 3
Ni we Mwami wanyu mwiza, Agir’ imbabazi nyinshi; Ni we Mukiza wa mwese Abakiz’ ivyaha vyanyu.
Couplet 4
Arabater’akaneza Kabakomereza mw’isi Ku ngoma yiwe muhawe Ubugingo budashira.
Couplet 5
Tubikenguruke twese Tujane na ba bungere Kurab’ic’Iman’igavye Umwana way’adukiza.