Indirimbo Zikundwa Open in the app

#229

Abantu baraririye intama mw’ijoro

Ikirundi

Couplet 1

Abantu baraririye intama mw’ijoro, Marayik’ abiyereka akayangana pe.

Couplet 2

Babony’ ubgo bgiza bgiwe baterwa n’ubgoba; Marayik’ arababgira, Ati Muhumure.

Couplet 3

Umve none mbazaniye Ubutumwa bgiza: Havukiy’ Umukiza ku Murwa wa Dawidi.

Couplet 4

Ehe mbah’ ikimenyetso: Mushika mubona Baryamits’ urwo ruyoya Mu bgato bguhira.

Couplet 5

Ahejeje kuvug’ivyo Haca haboneka Ingabo nyinshi z’Imana Zihimbaza, ziti

Couplet 6

Icubahiro ni kibe Ku Mana mw’ijuru. No mw’is’ amahoro n’abe Mu b’inezererwa.