#220
Umusi nabonye Yesu mu Nyonga ziw’ icese
Ikirundi
Couplet 1
Umusi nabonye Yesu mu Nyonga ziw’ icese, nzohimbarwa cane rwose: Ni we yadupfiriye.
Refrain
Nzomubona, Yes’ Umwami, Mw’ijuru dushitseyo; Nzobona mu nyonga hiwe N’icubahiro ciwe.
Couplet 2
Mfise Yesu mu mutima, Nararons’ urukundo, ; Umus’ umwe Yes’ azoza Kutujana mw’ijuru.
Refrain
Nzomubona, Yes’ Umwami, Mw’ijuru dushitseyo; Nzobona mu nyonga hiwe N’icubahiro ciwe.
Couplet 3
Ya marushwa yacu yose, N’ ivyo bitubabaza, Ivyo vyose bizohera Umusi twamubonye
Refrain
Nzomubona, Yes’ Umwami, Mw’ijuru dushitseyo; Nzobona mu nyonga hiwe N’icubahiro ciwe.
Couplet 4
Aho Yes’ azotujana, Tuzonezerwa cane, Tumubony’ Umwami wacu, Twoshim’ imyaka yose.