Indirimbo Zikundwa Open in the app

#209

Yemw’ abari kuri Yesu

Ikirundi

Couplet 1

Yemw’ abari kuri Yesu, Mukanur’ ijisho cane; Kuko wa Mwansi Satani Aturaba ku kigohe.

Couplet 2

Satani ntiyigendera, Agir’ ic’ ahagazeko: Nuko wame wiyubara, Witwaz’ inkota ya Mpwemu.

Couplet 3

Wew’ uhishira Satani, Kandi witirirwa Yesu, Kumbur’ umwikunkumure, Afis’ igihe kigufi.

Couplet 4

Yaraciriw’ urubanza, Agomb’ abo yisasira, Ni co gitum’ akobeje Kurwany’ ab’ Umwami Yesu.

Couplet 5

Ivyo twabikijwe vyose Tuje turabicuruza, Bikwir’ abaremwe bose, Bihane bave mu vyaha.

Couplet 6

Wibuk’ ay’ Umwami Yesu Yabonye ku musaraba, Ewe Mucunguzi wanje, Ndihannye, ndaje nyakira.

Couplet 7

Yes’ ah’ azogarukira Azoz’ afise bga bgiza Yahorany’ ari mw ijuru: Mbe wumva biguhimbaye?